Image
INTANGAMATARA


Uguteza imbere ibibanza ndangakaranga ni kimwe mu ntumbero igihugu cihaye, kugira ngo kiyishike ko kidatevye. Iyo ntambwe izoba ari kimwe mu bishobora kwihutisha iterambere muri runo rugendo rutuganisha ku Burundi bwifashe mu 2040, n'Uburundi buteye imbere mu 2060.

Muri iyo ntumbero, indongozi z'igihugu ziriko ziratunganya igisata c'ubukerarugendo bushingiye kw'itunga kama rihasanzwe.

Mu bigize iryo tunga, harimwo ibibanza ndangakaranga bikwiragiye hirya no hino mu gihugu. Bose baremeranya ko bikwiye kwongererezwa agaciro, kugira ngo bitange umusaruro wisimbuye. Kandi igishimishije, n'uko hari ho n'abafatanyabikorwa bitanga batiziganya kugira ngo ico gisata gitere imbere.

Natwe nk'abenegihugu barajwe ishinga no kubona igihugu cacu giteye imbere mu bukerarugendo, twashimye gutanga intererano yacu kuri uru rubuga rwa burundiano.com.


Intererano yacu ni ntoya cane. Ariko tubaye turabashimira ku ngene muzoyakira. Tubaye turabashimira no ku buryo muzoyisangiza abandi, kugira ngo ibidasanwze biri ku kibanza c'iratiro c'i Kiganda bimenyekane.


Kugira ngo hiyongere igitigiri c'abamenya ivy'i Kiganda, twahisemwo gutangaza ayo makuru mu Kirundi, mu Gifaransa no mu Congereza.


Mu ntumbero yo kuvuge ibikenewe vyose, ariko mu majambo make, twemerere dutangurire kuri iyo mbonerahamwe twashize hejuru y'iyi nyandiko.



UMWIMENYEREZO


1. Mbega «Ukurimbura ivy'ibihe» ni iki?

2. Mbega iyo mbonerahamwe yofasha umuntu, akagereranya ukwo ejo h'abari kw'isi hazoba hameze?


Igikorwa catunganijwe na Désiré GAYIGAYI

BURUNDIANO

Veuillez nous contacter Via les contacts ci-dessous:

  • A Bujumbura Burundi
  • E info@burundiano.com
  • M +257 72 22 13 36

Newsletter

Veuillez vous enregistrer pour avoir régulièrement nos nouvelles.

Follow Us

Copyright © 2025 BURUNDIANO.

BURUNDIANO L'Actualité à La Lumière de l'Evangile

Please publish modules in offcanvas position.